Uko wahagera

Ibihugu vya G7 Vyiyemeje Kwunga Urunani mu Kurwanya Uburusiya


Perezida Joe Biden ariko arshikiriza ijambo haruhande y'umushikiranganji wa mbere wa Canada hamwe n'uw'Ubuyapani
Perezida Joe Biden ariko arshikiriza ijambo haruhande y'umushikiranganji wa mbere wa Canada hamwe n'uw'Ubuyapani

Abakuru b’ibihugu bihurikiye mu murwi G7 barakoranye mu nama mu Budagi kuri uyu w’Imana. Biyemeje gukomeza urunani mu kurwanya Perezida Vladimir Putine w’Uburusiya, mu gihe baganiriye ku kuntu bogabanya ingaruka z’intambara nk’ibiciro vy’ibifungurwa n’amasoko ntanganguvu vyaduze.

Shanseliye w’Ubudagi, Olaf Scholz yavuze ko igihugu ciwe hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika bizokwama bikorera hamwe mu gihe haje ikibazo c’umutekano wa Ukraine.

Perezida Biden yatangaje ko ibihugu vyo muri G7 bizohagarika kugura inzahabu y’Uburusiya, ibihano bije bikurikira ibindi ivyo bihugu vyafatiye Uburusiya, inyuma y’uko buteye Ukraine.

Hambavu y’ibi bihano ivyo bihugu vyatangaje ko bigiye guhangana n’Ubushinwa, mu kwemera umugambi wa kwubaka inyubako mu bihugu bikenye uzotwara imiriyaridi 600 z’amadolari.

Uyu mugambi wemewe na Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’abandi bari kumwe muri G7 ari bo Canada, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani, Ubufaransa, ishirahamwe rya Buraya.

Perezida Biden yashize ku meza imiriyaridi 200 z’amadolari, ibindi bihugu bisigaye bikazotororokanya imiriyaridi 400 zisigaye bitarenze mu mwaka wa 2027.

Yavuze ko aya mafaranga azokwubaka amabarabara, ibivuko hamwe n’izindi nyubako atari imfashanyo canke impano, amenyesha ko iyo migambi izokwungukira ivyo bihugu nkuko Ubushinwa buriko burabikora mu bihugu bitari bike kw’isi.

Inyuma y’iyi nama y’imisi itatu, abo bakuru b’ibihugu bazoca berekeza i Madrid mur Espanye mu nama ya OTAN.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG