Uko wahagera

USA: Imyiyerekano y'Abadashigikiye Ingingo Ivanaho Uburenganzira bwo Gukorora Inda


Bamwe mu bakoze imyiyerekano muri Penisilvaniya
Bamwe mu bakoze imyiyerekano muri Penisilvaniya

Ibisagara bitandukanye aha muri Amerika vyaraye bibereyemwo imyiyerekano y’abanyagihugu badashigikiye ingingo ya sentare nkuru y’igihugu ivuga ko gukorora inda bitakiri mu burenganzira bugenwa n’ibwirizwa nshingiro ry’Amerika.
Hari haheze imyaka yababa 50 ibwirizwa nshingiro ry’Amerika rikingira uwipfuza gukuramwo inda.

Ibisagara vyabereywmo imyiyerekano ejo ku wa gatanu birimwo umurwa mukuru w’Amerika, Washington DC, aho abiyerekanye bayikoreye imbere y'ahakorera sentare nkuru y'igihugu, New York, Atlanta, Detroit, Los Angeles n’ibindi. Vyitezwe ko imyiyerekano igiye kubandanya kandi mu buryo bukaze.

Prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, ari mu badashigikiye ingingo ya sentare nkuru y’igihugu, yasavye abanyagihugu bakora imyiyerekano kuyikora mu mahoro atawe babangamiye. Yumvikanishije ko atahura agashavu k’abatandukanye, ariko bidasigura ko babwirizwa kwerekana agashavu biciye mu nguvu.

Ubusesanguzi bw’igisata kijejwe ivy’umutekano w’Amerika Ijwi ry’Amerika bufitiye kopi, buvuga ko hari abahezanguni bashobora kwikika mu cuka catewe n’iyi ngingo ya sentare nkuru y’igihugu bakagirira nabi umuce w’abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG