Mu ntahe y'ikibiriraho ihejeje kuba kuri uno wa kane, Sentare Nkuru y'igihugu ya Gitega yahanishije umunyororo w'impaga w'imyaka 10 Ndayisenga Désiré na Havyarimana Mbonimpa. Bagirizwa ivyaha vyo kubomora imva 16 zo ku Mushasha mu gisagara ca Gitega, n'ubusuma bukabije bw'amabati apfutse izo mva. Nayuburundi Gracien na Ndagijimana Isaac nabo bakaba bejejwe kuri ivyo vyaha n'iyo sentare.
Inkuru ya Desire Hatungimana akorera Ijwi ry'Amerika
Facebook Forum