Uko wahagera

Canada Igiye Kugurura Ambasade mu Rwanda Izogenzura Uburusiya muri Afrika


Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau
Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau

Canada yatangaje kuri uyu wa gatatu ko igiye kuzokugurura ambasade yayo mu Rwanda, izoba itumbereye guhangana n’Uburusiya buriko buragira igihagararo ku mugabane wa Afrika.

Umushikiranganji wa mbere Justin Trudeau yashitse i Kigali, ku murwa mukuru w’u Rwanda ejo kuwa gatatu mu nama y’abakuru b’ibihugu n’amareta bivuga Icongereza itangura kuri uyu wa kane.

Umushikiranganji wiwe w’imigenderanire n’amakungu, Melanie Joly, yatangaje ko haruhande yo kugurura ambasade mu Rwanda, Canada izogena ambasaderi mushasha mu bumwe bwa Afrika. Ariko ibiro vyiwe ntibizoba biri i Addis Abeba, muri Etiyopiya. Hari inyuma y’amasaha make Trudeau ashitse i Kigali.

Yavuze kandi ko Uburusiya hamwe n’Ubushinwa buriko buragira inkomezi ku mugabane wa Afrika.

Umushikiranganji Melanie Joly yavuze kandi ko Canada ikeneye gushiraho abadiplomate muri Afrika, bazoyibera ijisho n’ugutwi ku bibera kuri uyo mugabane. Muri iyo ntumbero, Canada yipfuza kuzokorana n’u Rwanda hamwe n’akarere kose kugira iyo ntumbero yayo izoshoboke.

@ Canadian Press.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG