Uko wahagera

Kuki Impunzi ziri mu Rwanda Zidafashwe co Kimwe?


Bamwe mu bategetsi bari mw'ikambi ya Gashora
Bamwe mu bategetsi bari mw'ikambi ya Gashora

Ku munsi mpuzamakungu wahariwe impunzi kw’isi, Ijwi rya Amerika ryagendeye ikambi ya Gashora mu buseruko bw'u Rwanda, irimwo impunzi zakuwe mu gihugu ca Libiya zari zigeramiwe n'urupfu mu gihe zashaka guca mu mazi kugira zishike mu bihugu vya Bulaya. Izo mpunzi zaturutse mu bihugu bitandukanye vya Afrika zikuwe mu gihugu ca Libiya. Zabwiye Ijwi ry'Amerika ko ubu zavuye mu menyo y’ingwe mu gihugu ca Libiya, zikaba zibayeho neza mw’ikambi ya Gashora mu buseruko bw’u Rwanda.

Umusore aturuka mu gihugu ca Sudani y’Epfo yavuganye n'Ijwi ry'Amerika yavuze ko "yabonye benshi muri bagenzi biwe bicwa, abakobwa bafatwa ku nguvu mu gasho yarimwo igihe we n'abo bari kumwe bafatwa bariko bashaka guca mw’ibahari ya Mediterane ngo bashike i Bulaya."

Ubu ahari mw’ikambi ya Gashora iri mu karere ka Bugesera mu buseruko bw’u Rwanda avuga ko abayeho neza, ko arya kabiri ku munsi, akaryama neza, akanywa n’icayi mu gatondo”. Ico bikoze yizera ko azoteba akaja i Bulaya nk’uko yabishatse kuva akiva mu gihugu ciwe c’amavukiro. Yifuza kuja mu gihugu bavuga ururimi rw’icongereza.

Iyo bari mu nkambi bafashwa mu buryo butandukanye, mu mibereho yabo, baba mu nzu nziza, bakagaburirwa neza nk’uko Ijwi rya Amerika ryavyiboneye ryinjiye aho bakinjikira. Barigishwa indimi n'imyuga itandukanye harimwo no gutwara imodokari.

Iciyongereko, banahabwa amafaranga 50,000 buri kwezi yo kubafasha kwigurira bimwe mu bikoresho nkenerwa. Ijwi rya Amerika ryabajije umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo impunzi, Marie Solange Kayisire, igituma izo mpunzi zifashwe neza kurusha izindi ziba mu yandi makambi y’impunzi. Yishuye ko ari ibisanzwe kuko batandukanye n’abandi.

Uwutwara ishirahamwe ryitaho impunzi HCR mu Rwanda, Ahmed Baba Fall yongerako ko ari uburyo bwo kubavura ihahamuka bafise yagize ati: “Ati ni bumwe mu buryo bwo kubahoza ibihe bibi baciyemwo birimwo ihohoterwa, kuborezwa igufa no gufatwa ku nguvu ku bigeme n’abagore. Yongerako ko ari kubera ari impunzi zihariye, zazanywe mu Rwanda imiryango y’ibihugu vya Bulaya n’Ubumwe bwa Afrika ibigizemwo uruhara.”

Iruhande y’abo, impunzi ziri mu Rwanda ubu zirenga gato ibihumbi 127. Abenshi ni Abakongomani barenga gato ibihumbi 76, mu gihe Abarundi barenga ibihumbi 49.
Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.

HCR n'u Rwanda Barasigura Igituma Impunzi Zidafashwe Kimwe
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:51 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG