Mu Burundi, abashingamateka n'amwe mu mashirahamwe yigenga banebagura ko amafaramga Leta izokoresha umwaka uza atashize mu gaciro ubukene bw'abanyagihugu n'iduzwa ry'ibiciro rikomeza kwibonekeza.
Bavuga ko amakori n'amatagisi ari umurengera bagasaba ko integuro yayo yosubirwamwo ikaba integuro ahubwo yo gutubika uwa vubi. Sentare yubahiriza ubutunzi bw'igihugu yemeza ko hari agahaze mu nteguro y'ayo mafaranga.
Amafaranga yose Leta izokoresha agera ku miriyaridi 2.193,6 mu gihe mu mwaka uheze yari 1.562, 06. Ugereranije hiyongeyeko 50,4%. Mu migambi mikuru mikuru integuro y’uyu mwaka yibandako harimwo uburimyi n’ubworozi, inyubako, imigambi itanga akazi ku bashomeri na cane cane abakenyezi n’urwaruka , ibarabara ry’indarayi rihuza Uburundi, Republika ya demokarasi ya Kongo na Tanzaniya hamwe n’ugushira ubuhinga bwa none mu buzi n’ibisata vya Leta.
Mu mafaranga reta izokoresha, ayangana ibice 40% bitegekanijwe ko azova mu matagisi n’amakori. Kubwa Gabriel Rufyiri umukuru w’ishirahamwe Olucome rirwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, rimwe mu yagishijwe inama kugira ritange intererano y’ingene iyi nteguro yokorwa neza, reta ntiyashize imbere ineza y’umunyagihugu muto muto.
Umushingamateka Agathon Rwasa atwara umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi asanga ikigoye cane ari uko abashikiranganji bataja gusigura imigambi bazorangura kandi banereke abaserukira abanyagihugu uko bazokoresha amafaranga bagenewe.
Elysee Ndaye atwara sentare yubahiriza amatungo ya Leta avuga ko ata ngorane n’imwe iri mw’iduzwa ry’amafaranga reta izokura mu matagisi n’amakori kandi ko abanyagihugu ata ruhombo bazohagirira.
Iyi nteguro y’itegeko y’amafaranga reta izokoresha mu mwaka uza yemejwe n’inama nshingamateka imaze kuhanwa mu nama nkenguzamateka, inyuma yo gushikirizwa na reta itariki ya mebre uku kwezi kwa gatandatu. Ubu umwaka w’ubutunzi utangura itariki ya mbere ukwezi kw’idwi ukarangira ku ya 30 ukwa gatandatu hisunzwe amategeko y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Imbere y’uko Uburundi bwisunga ayo mategeko, umwaka w’ubutunzi watangura itariki ya mbere y’ukwa mbere ukarangira kuya 31 ukwezi kwa cumi na kabiri.
Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry’Amerika.
Facebook Forum