Uko wahagera

Zimbabwe: Yegereyegere y'Abaganga Basaba Kongerwa Umushahara


Nurses protest at the United Bulawayo Hospitals in Zimbabwe. (Bathabile Masuku)
Nurses protest at the United Bulawayo Hospitals in Zimbabwe. (Bathabile Masuku)

Mu gihugu ca Zimbabwe, Ishirahamwe ry’abaforoma, uyu musi ku wa kane ryatangaje kw’abaforoma n’abaforomakazi bazohagarika akazi mu ndwi iza, mu ntumbero yo kwiyamiriza imishahara y’intica ntikize hamwe n’uburyo bakoramwo.

Umukuru w’iryo shirahamwe, Robert Chiduku, ni we yatangaje iryo hagarikwa ry’akazi, rigiye kuba irigira kabiri kuva ikiza Covid-19 cadutse.

Reta ya Zimbabwe hamwe n’abakora mu bijanye n’amagara y’abantu ntibarashobora kwumvikana ku mishahara muri iki gihe ifaranga ry’ico gihugu ryataye agaciro.

Ihagarika ry’akazi rya nyuma ryaheruka ryabaye mu mwaka w’2020, ryaratumye ibitaro bidashobora kwakira abarwayi igihe ikiza Covid- 19 cari kigeramiye ico gihugu.

Umuforoma mu gihugu ca Zimbabwe ahembwa amadolari y’Amazimbabwe ibihumbi 30 ku kwezi. Ni ukuvuga hafi amadolari y’Abanyamerika 80.(Reuters).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG