Uko wahagera

Igipolisi ca Nijeriya Catabaye Abana b’Abakobwa 35


Bamwe mu bakobwa ba Nijeriya
Bamwe mu bakobwa ba Nijeriya

Igipolisi ca Nijeriya catabaye abana b’abakobwa 35 bari mu ninwe y’inkozi z’ikibi zibakoresha mu bikorwa bigayitse vy’indaya.

Abo bana b’abakobwa bafise imyaka iri hagati ya 14 na 17 batowe n’abapolisi mu gisagara ca Nkpor muri reta ya aAnambra, aho bakoreshwa nk’indaya. Bamwe muri bo bari batejwe inda kugira ngo bavyare abana bazoheza bakagurishwa.

Abantu batatu bikekwa ko bari mu murwi w’inkozi z’iki zari muri ico gikorwa co kundandaza abo bana b’abakorwa, bahagaritswe.

Umuvugizi w’igipolisi ca Nigeria yatanze ayo makuru avuga ko muri iki gihe abo bantu batatu bariko barasambishwa kandi bazohabwa ibihano bikwiye inyuma y’itohozwa ririko rirakorowa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG