Uko wahagera

Abanyamerika 2 Bakukurutse mu Gisirikare Baraburiwe Irengero muri Ukraine


Umukukuruke mu gisirikare ca Amerika, Alexander Drueke, na Andy Tai Ngoc Huynh yamuka muri Alabama bari muri Ukraine bafasha mu ntambara ku ruhande rwa Ukraine

Abanyamerika babiri b’abakorerabushake mu gufasha Ukraine mu ntambara, baraburiwe irengero kandi hari ubwoba ko boba bagizwe imbohe n’Uburusiya.

Alexander Drueke na Andy Huynh, bose barakukurutse mu gisirikare ca Amerika, imiryango yabo ntigishobora kuvugana nabo.

Umuvugizi wa perezidanse ya Amerika, John Kirby, yavuze ko atoshoka yemeza ibura ry’abo banyamerika. Ariko yavuze ko mu gihe kwoba ari ukuri, hazokorwa ibishoboka kugira bagarukanwe muhira amahoro.

Yavuze ko Reta zunze ubumwe za Amerika ibuza abanyamerika kuja muri Ukraine kuko ari urubuga rw’intambara.

Umuvyeyi wa Drueke, Lois Drueke, yavuze ko umuhungu wiwe yabwiye umuryango wabo ko yariko arigisha abanyaUkraine ingene bakoresha ibirwanisho vyakorewe muri Amerika.

Babaye abanyamerika babiri bafashwe muri Ukraine, kuva Uburusiya buhatera mu kwezi kwa kabiri.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG