Uko wahagera

Ukraine: Igisagara ca Sievierodonetsk Kigenzurwa n'Uburusiya ku Bice 70%


Imyitsi y'ibisasu mu gisagara ca Sievierodonetsk Azot mu buseruko bwa Ukraine
Imyitsi y'ibisasu mu gisagara ca Sievierodonetsk Azot mu buseruko bwa Ukraine

Umutegetsi wa Ukraine yavuze ko abasirikare b’Uburusiya binjiye hagati mu gisagara ca Sievierodonetsk kiri mu buseruko kandi babandanya kurungika ibisasu ahahingurirwa imyuka y’ubumara hinyegeje abasirikare amajana ba Ukraine n’abasivile.

Buramatari w’intara, Serhiy Haidai, yavuze kuri uyu wa mbere ko abasirikare b’Uburusiya bagenzura ibice 70 kw’ijana vy’ico gisagara, kandi birukanye abasirikare ba Ukraine hagati mu gisagara.

Uburusiya buvuga ko ibiraro vyose bija muri ico gisagara vyasambuwe. Abategetsi ba Ukraine bavuga ko hari iyindi nzira yo kuva mu gisagara ariko ko iryo barabara ryasambuwe bikomeye.

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko inteko ziwe hamwe n’iz’Uburusiya zihanganye imetero ku metero muri Sievierodonetsk. Hari igihe yariko arasaba incuti ziwe mu makungu kumufashisha misile zigezweho zo kwikingira ibitero vy’umwansi.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika, Lloyd Austin, yavuze ko agiye gutumako inama y’ibihugu bigize OTAN ku cicaro c’iryo shirahamwe. Izoba ikurikiye iyabaye mu kwezi guheze, aho intumwa z’ibihugu 47, iza OTAN n’izo ishirahamwe rya Buraya bahuye ku kibazo c’iyi ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG