Uko wahagera

Uburusiya na Ukraine Birwanira Igisagara ca Sievierodonetsk


Bamwe mu basirikare ba Ukraine

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, amenyesha ko Uburusiya na Ukraine biriko birwanira igisagara ca Sievierodonetsk imetero ku yindi. Prezida wa Ukraine yasavye ibihugu bicuditse gufashisha igihugu ciwe ibigwanisho vya none bishobora kwivuna ibitero vy’amamisile z’Uburusiya.

Mw’ijambo yashikirije mu buryo bwa videwo ku mugoroba w’ejo, Zelenskyy avuga ko uburusiya butarahindura intumbero yabwo yo gutumbera ibisagara vya Lysychansk, Bakhmut, Slovyansk, bugamije kwigarurira igisagara ca Sievierodonetsk.

Umuhanuzi wa Prezida Zelenskyy, Mykahilo Podolyak, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ati “ kugira duhagarike intambara, turakeneye ibigwanisho bikomakomeye bifise ububasha bw’ivyo bafise”. Yashize ku rutonde ibigwanisho bitandukanye harimwo ibirungika za roketi, ibiduga vyo mu ngwano, ibiduga vya gisirikare, hamwe n’utudege tudakenera abadereva.

Mu gihe hasanzwe hategekanijwe inama y’abashikiranganji b’ibihugu vya Buraya bajejwe kwivuna abansi izoba kw’itariki 15 z’uku kwezi kwa gatandatu, umushikiranganji Podolyak avuga ati “ Turarindiriye ingingo izofatwa”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG