Uko wahagera

U Rwanda Rwagiriza MONUSCO Kuba ku Ruhande rwa Reta ya Congo


U Rwanda kuri uyu wa mbere rwagirije umurwi wa ONU muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, uzwi kw’izina rya MONUSCO, ko wafashe uruhande wegamiye, kandi ufasha reta ya Congo. Ni mu gihe imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibanyi yatosekaye.

ONU ku musi wa gatandatu yasavye impande zose zihanganye muri iyi ntambara guhagarika ubu nyene ibikorwa vyose vy’intambara. ONU yongeyeko ko ishigikiye ubwigenge, ubumwe no kubahiriza ubutaka bwa RDC kandi ineguye yivuye inyuma guserukirwa n’ikindi gihugu mu ntambara.

Kuri uyu wa mbere, umuvugizi wa reta y’u Rwanda, Yolande Makolo, yishuye kuri ibi vyavuzwe na MONUSCO, abicishije ku rubuga Twitter. Yagiriza ONU guhengamira ku ruhande rwa reta ya Congo. Yavuze ko inteko za ONU, MONUSCO, zidakwiye kugira uruhara mu gutera u Rwanda, canke ngo yihagararire ku ruhande mu kwigira sindabibazwa. Kubwiwe bisigura ko ibifisemwo uruhara.

Kuva mu mpera z’ukwezi kwa gatanu, ubuseruko bwa RDC burangwamwo imirwano ikomeye hagati y’igisirikare ca Congo n’umuhari M23. Ni umwe mu mihari irenga 120 irwanira mu buseruko bwa Congo.

Repubulika ya demokarasi ya Kongo yagiriza u Rwanda gufata mu mugongo umuhari M23. Ariko ibi vyagiriji, u Rwanda rwama rwabihakanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG