Uko wahagera

Umukuru w'Ubumwe bwa Buraya mu Rugendo muri Ukraine


Umukuru w'Ubumwe bwa Buraya kumwe na Perezida wa Ukraine
Umukuru w'Ubumwe bwa Buraya kumwe na Perezida wa Ukraine

Umukuru w’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen, kuri uno wa gatandatu yerekeje muri Ukraine aho bitegekanijwe ko akora inama na Prezida Volodymyr Zelenskyy.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Ursula yavuze ko inama ya we na Zelenskyy iza gushimikira ahanini ku kungene Ukraine izosanurwa, n’ivy’ukwinjira kwa Ukraine mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya.

Mu butumwa prezida wa Ukraine yatangarije mu kibanza kitazwi I Kiev bugenewe abari mu nama y’umutekano w’ibihugu vya Aziya, nawe yabwiye abayitabiriye ko Ukraine ihanganye n’ikibazo co kurungika imfungurwa zitandukanye hirya no hino kw’isi, yongera agabisha ko ata gikozwe hashobora kwaduka inzara kw’isi bivuye ku Burusiya “buzibira amayira acamwo izo mfungurwa.” Prezida Zelenskyy muri ubwo butumwa yongeye gushimangira ko ata nkeka igihugu ciwe kizotsinda intambara yatangujwe n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG