Uko wahagera

UE: Ntiharagera Gucisha Imfashanyo mu Minwe ya Reta y'Uburundi


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Reta y'Uburundi kumwe n'uwuserukira Ubumwe bwa Buraya mu Burundi

Ubumwe bwa Bulaya buvuga ko hari ibitegerezwa kubanza guhinduka mu bijanye no gukoresha amafaranga ya Reta kugira busubire gucisha imfashanyo muri Reta aho kuyinyuza mu mashirahamwe n'ibisata vya ONU.

Uwuserukira Ubumwe bwa Bulaya mu Burundi yabitangaje kuri uyu wa gatanu i Bujumbura mu bikorwa vyari vyatunganijwe n'ubuserukizi bw'uwo muryango buri kumwe n'ubushikiranganji bw'imigenderanire.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire Albert Shingiro nawe yemera ko Uburundi hakiri intambwe nini bukwiye gutera mu vyerekeye ukubahiriza agateka ka kiremwa muntu kuko ari igihugu kikiri gito mu vya demokarasi.

Umviriza ibindi muri ino nkuru ya Eloge Willy Kanezaa akorera Ijwi ry’Amerika

Shingiro Asanga Hari Intambwe Uburundi Bukwiye Gutera mu vy'Agateka ka Muntu
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:16 0:00

XS
SM
MD
LG