Uko wahagera

Afrika Isaba Ukraine Gutegura Ibisasu Yateze Kugira Ingano Zisohoke Ikivuko


Macky Sall arongoye ishirahamwe rya Afrika

Perezida wa Senegal akaba anarongoye ubumwe bwa Afrika, Macky Sall kuri uyu wa kane yasavye Ukraine gutegura ibisasu vya mine yateze mu mazi akikuje ikivuko ca Odessa kugira ingano zugaraniweho zishobora gusohoka.

Intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine hamwe n’ibihano vyafashwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyarahungabanije urudandaza kw’isi, cane cane ibirimwa vy’inteke vyimburwa muri ivyo bihugu bibiri. Ibi vyatumye isi igira ubwoba bw’inzara ishobora gutera kw’isi.

Perezida Macky Sall avuga ko mu gihe ingano zizibiriwe muri Ukraine zitosohoka, umugabane wa Afrika ushobora kwinjira mu bibazo vy’inzara. Uburusiya na Ukraine vyimbura ibice 30 kw’ijana vy’ingano zikoreshwa kw’isi.

Uburusiya bwasavye Ukraine gutegura ibisasu yateze mu mazi yo ku kivuko ca Odessa muri Ukraine kugira ivyo bidandazwa bisohoke, ariko Ukraine yaranse ku gutinya ibitero vy’Uburusiya.

Perezida wa Senegal ategekanya kubonana na perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron mu Bufaransa kuri uyu wa gatanu. Vyitezwe ko amusaba gufasha gukuraho ibihano Uburayi bwafatiye Uburusiya, cane cane ubuhinga bwo guhererekanya amafaranga kw’isi, SWIFT, bukoreshwa n’amabanki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG