Uko wahagera

Inteko Zirwanira mu Karere k'Ikiyaga Cadi Zitangaza ko Zishe Abajihadiste Barenga 800


Umurwi w’inteko zigizwe n'abasirikare ba Nijeriya, Nijeri, Kameruni na Cadi wavuze kuri uyu wa kabiri ko wishe abajihadiste barenga 800 mu kiringo c’amezi abiri mu karere k’ikiyaga Cadi.

Ibi bihugu bine hamwe na Benin vyashize hamwe abasirikare mu 2015 kugira barwanye umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram hamwe n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu urwanira mu karere ko mu burengero bwa Afrika.

Uru runani rw’abasirikare rwavuze ko rwishe abajihadiste 805 hagati y’amatariki ya 28 y’ukwa gatatu na 4 z’ukwa gatandatu. Bavuga ko bishimira umwimbu wavuye muri ivyo bikorwa vya gisirikare.

Abasirikare hafi 3.000 ni bo bagize uruhara muri ivyo bitero kandi barafashe canke basambura imodokari 44, amapikipiki 22 hamwe n’inkoho, mu bitero vyo ku butaka, mu mazi hamwe no mu kirere.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko iyi mihari y’abajihadiste imaze kwirahira abantu barenga 36.000, ahanini bo muri Nijeriya, hamwe n’abashika imiriyoni zitatu bahisemwo guhunga bata ingo zabo.

@AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG