Uko wahagera

Tanzaniya Yatanze Umwaka umwe ku mpunzi z'Abarundi Kugira Zitahe ku Bushake.


Impunzi z'Abarundi muri sitade yitiriwe Tanganyika i Kigoma mu burengero bwa Tanzaniya, kw'itariki ya 19/05/2015.
Impunzi z'Abarundi muri sitade yitiriwe Tanganyika i Kigoma mu burengero bwa Tanzaniya, kw'itariki ya 19/05/2015.

Zimwe mu mpunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi ya Nyarugusu zisanga reta ya Tanzaniya iriko irahonyanga agateka ka zina muntu. Ni mu gihe iriko irabandanya n’umugambi wo kubakangurira gutaha kandi bo basanga icyatumye bahunga kitarava mu nzira.

Umuyobozi ashinzwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu ca Tanzaniya, Sudi Mwakibasi, kuri uyu wa mbere yabariye impunzi z’Abarundi mu nkambi ya Nyarugusu ko reta ya Tanzaniya itanze ikiringo c’umwaka umwe kugira zitahe ku bushake nyuma y'aho zizotahukanwa zose hakurikijwe amategeko ya reta ya Tanzaniya.

Mwakibasi adahengesheje yavuze ko n’imfashanyo zimwe zimwe zigenewe impunzi harimwo ibifungurwa ziriko ziragabanywa ku rugero runini mu ntumbero yo kuburabuza impunzi kugira zitahe vyanse bikunze naho impunzi ku bwazo zisanga ico zahunze kitarakemuka.

Zimwe mu mpunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi ya Nyarugusu zisanga umugambi wa reta ya Tanzaniya uzihimiriza gutaha vyanse bikunze ari guhonyanga agateka ka zina muntu mu gihe buri umwe umwe yahunze ukwiwe.

Intumwa y'ambasade y'Uburundi mu ntara ya Kigoma, Yeremiya Sekinwa we yabariye impunzi zo mu nkambi ya Nyarugusu ko ata ntambamyi n'imwe isigaye yobuza impunzi gutaha kubera amahoro yamaze kugaruka mu gihugu c’Uburundi.

Umugambi wo gutahukana impunzi ku bushake bwazo watanguye kuva mu mwaka w’2017. Kuva ubwo gushika ubu haramaze gutaha abarenga gato 100.000. Mu mpera z’umwaka wa 2020 reta ya Tanzaniya yari yafashe ingingo yo gutahukana impunzi zose ku nguvu ariko uwo mugambi ntiyawushize mu ngiro.

Naho biri uko hafi impunzi 2.300 zaratahukanywe ku nguvu ku mpamvu yuko ata burenganzira zifise bwo kuba mu nkambi. Benshi mu bataha ku bushake harimwo abasanga ico bahunze kitarakemuka bigatuma bongera guhunga ubugira kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG