Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yakeje Umwamikazi w'Ubwongereza


Umwamikazi w'Ubwongereza Elizabeth wa II
Umwamikazi w'Ubwongereza Elizabeth wa II

Prezida wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un, yakeje umwamikazi Elizabeth ku myaka 70 amaze ku ngoma y’Ubwongereza.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Koreya ya Ruguru n’ayandi makungu ni bwo bwemeje ko Kim Jong Un yakeje Elizabeth.

Ubwongereza na Koreya ya Ruguru bwatanguye imigenderanire ya kidiplomasiya mu 2000. Koreya ya Ruguru iri mu bihugu bike umwamikazi w’Ubwongereza asanzwe anatwara n’ibindi bihugu birimwo Australiya, Canada na New Zelande ataragendera. Aramaze ariko kugendera Koreya y’Epfo.

Umwamikazi w’Ubwongereza Elizabeth wa kabiri ariko ahimbaza imyaka 70 amaze ku ngoma y’Ubwongereza yagiyeko afise imyaka 26. Ni we mupfasoni wa mbere amaze imyaka myinshi ku ngoma mu mateka ya cami.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG