Uko wahagera

Burundi: Abagirizwa Kwica Umubirigikazi Ntakirutimana Bahagaritswe


Ifoto ya batandatu bagirizwa kwica Eugénie Ntakirutimana
Ifoto ya batandatu bagirizwa kwica Eugénie Ntakirutimana

Mu Burundi, igiporisi kimenyesha ko cataye muri yompi abantu batandatu "bateguye bongera bica" umukenyezi w'Umurundikazi yaranafise akabira k'Ububiligi. Eugénie Ntakirutimana yiciwe mu cumba c'i hoteri yari yashikiyemwo mu buraruko bwa Bujumbura mu mpera z'ukwezi kwa 12 umwaka uheze.

Igiporisi kivuga ko intumbero nyamukuru kutari ukumuzimanganiriza ubuzima ahubwo kwari ukumusahura amafaranga. Abo bagabo batandatu bose igiporisi c’Uburundi kivuga ko bateguriye hamwe icaha co kwica. Babiri kimenyesha ko binjiye mu cumba uwo mukenyezi yaryamamwo, baramuboha imbere y’ukunigisha amaboko Eugenie Ntakirutimana. Babiri muri bo baturuka muri komine ya Rango mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw’Uburundi. Igiporisi gitangaza ko umwe muri abo baturuka muri Rango yahoze ari umugwanyi w’umuhari w’inyehamba FNL.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi yemeza ko intumbero ya mbere nyamukuru kutari ukwica ahubwo gusahura amafaranga nyene kwicwa nawe akaba ari umukenyezi w’Umurundikazi yaranafise ubwenegihugu bw’igihugu c’Ububiligi aho yarasanzwe aba.

Pierre Nkurikiye asigura ko amatohoza yashoboje inzego z’umutekano gufata aba bantu yakozwe ahanini ku wundi mugwi w’abantu bahora biba bakoresheje uruyeri canke babanje kunyuruza abantu. Abo barimwo abasirikare n’abaporisi bakaba bahagaritswe mu misi iheze.

Umupfasoni Eugenie Ntakirutimana yiciwe mu cumba c’i hoteri mu buraruko bw’igisagara gikuru c’Ubutunzi Bujumbura. Hari ku wa 29 ukwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze. Igiporisi kimenyesha ko i ruhande y’ukuramutsa umuryango n’ugutunganya ibindi bintu bijanye n’incuti, abaryango n’abagenzi, yari yaroye mu Burundi kandi kuja gukurikirana ivyerekeye umushahara w’abageze mu zabukuru biziganirije bagikora. Uwo mukenyezi yahoze yigisha muri kaminuza ya Reta imbere yo kwimukira mu Bubiligi.

Ku bantu batandatu bari bafashwe mu kwezi kwa mbere, igiporisi cemeza ko casanze bane ata caha kibagira kigasaba ubutungane kwugara dosiye zabo bukanabakura mu mvuto. Babiri muri bo, uwutwara ihoteri n’umuyabigega wayo akaba ari abakongomani bari mu bagizwe abere. Bose bari bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Bujumbura rizwi nka Mpimba. Abandi babiri, umukenyezi yarajejwe kwakira abantu hamwe n’umunyezamu, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko bakoranye n’aba bagabo batandatu barungitswe nabo nyene mw’ibohero.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

Umubirigikazi Ntakirutimana Yazize Iki?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:34 0:00

XS
SM
MD
LG