Uko wahagera

Imisi Ijana Irarumanye Uburusiya Butanguye Gutera Ukraine


Imwe mu nzu iri mu zabomowe n'Uburusiya
Imwe mu nzu iri mu zabomowe n'Uburusiya

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky yatangaje uno musi ku wa gatanu ko igihugu ciwe kizotsinda ingwano yatanguwe n'Uburusiya. Ni mu gihe imisi 100 irangiye kuva Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine.

Yabitangaje mu gihe inteko z’Uburusiya zibandanya gukora ibitero bikomeye mu ntara ya Donbas iri mu buseruko bw’igihugu ciwe. Abantu ibihumbi n’ibihumbi baramaze kwicwa, abandi imiliyoni n’imiliyoni barahunze mu gihe ibisagara vyasenyuwe, kuva Prezida w’Uburusiya, Vladymyr Putin, ahereye amategeko inteko z’igihugu ciwe yo kwinjira muri Ukraine kw’italiki 24 y’ukwezi kwa kabiri.
Kuva ico gihe, Uburusiya bumaze gufata ica gatanu c’ubutaka bwa Ukraine. Ivyo vyongereje incuro zitatu ku butaka bwari bwigaruriye mu mwaka w’i 2014 igihe bwafata intara ya Crimeya n’ibice vya Donbas.

Yamara mu butumwa yashikirije uno musi ku wa gatanu hakoreshejwe videwo prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko Uburusiya butazotsinda ingwano. Amenyesha ko inteko n’abanyagihugu ba Ukraine berekanye ubutwari bwabo mu kurwanira igihugu cabo mu kiringo c’imisi ijana.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru ko igihugu ciwe kimaze kugera ku ntambwe ziboneka mu ngwano yabwo muri Ukraine. Muri ico gihe ingwano irabandanya mu gice co hagati mu gisagara ca Severodonetsk. Prezida wa Ukraine, Volodymyr , avuga ko nteko z’Uburusiya zibandanya kurasa amabombe ku nyubako z’igisivile no ku nteko z’igihugu ciwe.

Bulamatari w’intara ya Lugansk iri mu buseruko bwa Ukraine, Sergiy Gaiday, avuga ko mu misi 100 ingwano imaze, inteko z’Uburusiya zasenye ibintu vyose, birimo ibitaro, amashure n’amabarabara. Yamara yabandanije avuga ko batazocika inkokora mu rugamba barimwo.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG