Uko wahagera

Kemeruni: Abasivile 24 Barishwe n'Abaharanira Kwiyonkora ku Gihugu


Abasirikare ba Kameruni mu bikorwa vyo gukizura
Abasirikare ba Kameruni mu bikorwa vyo gukizura

Abasivile 24 barishwe abandi hafi 60 barakomereka mu gitero cakozwe n’abaharanira kwiyonkora kuri Kameruni, bo mu ntara ivugwamwo icongereza.

Kibaye kimwe mu bitero vyahitanye abantu benshi mu myaka hafi itanu reta imaze ihanganye n’abo barwanyi baharanira ukwikukira.

Umukuru w’igisagara ubwo bwicanyi bwabereyemwo, Ekwalle Martin, yavuze kuri uyu wa kabiri ko abo bashaka kwiyonkora bateye ku musi w’Imana imihana y’ahitwa Obonyi II, mu ntara yo mu bumanuko bushira uburengero, hafi y’urubibe na Nijeriya.

Martin yavuze kandi ko abo barwanyi basavye abanyagihugu kubaha amafaranga buri kwezi, nabo baravyanka, baca bararaswa.

Inyuma y’ico gitero, bamwe mu banyagihugu baciye bahungira muri Nijeriya, abandi mu mashamba.

Ishirahamwe mpuzamakungu, International Crisis Group (ICG), rivuga ko ugutana mu mitwe hagati y’abarwanyi baharanira kwiyonkora kuri Kameruni hamwe n’abasirikare, kumaze guhitana ubuzima bw’abantu barenga 6.000 n’abahakwa kungana umuriyoni bateshejwe ingo zabo.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG