Uko wahagera

Igisirikare ca Kameruni Cabohoje Umushingamateka


Cyrille Atonfack avugira igisirikare ca Kameruni
Cyrille Atonfack avugira igisirikare ca Kameruni

Igisirikare ca Kamerune catangaje ko cabohoje umukenguzamateka ( senateri) yari yagizwe imbohe mu kiringo c’ukwezi n’abari mu murwi w’abaharanira kwiyonkora.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Cyrille Atongfack, umuvugizi w’igisirikare, yavuze kw’umukenguzamateka, Regina Mundi, yabohojwe inyuma y’ingwano ikomeye yamaze imisi ibiri hagati y’igisirikare c’igihugu hamwe n’umurwi witwaje ibigwanisho w’abaharanira kwiyonkora wari wamunyuruje mu kwezi guheze.

Atongfack avuga ko abo barwanyi b’akarere kariko karondera kwiyonkora ku gihugu, batanye mu mitwe n’abasirikare ku musi wa mungu, bagerageza guhungana abantu batandatu bari baragizwe imbohe harimwo umukenguzamateka Mundi.

Avuga kandi ko bishe cumi muri abo barwanyi bongera bafata batatu muri bo ata n'umwe mu bari barafashwe imbohe ahakomerekeye.
Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu arashima iryo bohozwa ry’uwo mushingamateka.

Umuvugizi w’abo barwanyi aremeza amakuru y’uko abasirikare ba reta babashije kubohoza abantu bari baranyurujwe ariko arahakana ko bishe canke bafashe bamwe mu barwanyi babo.

Abo barwanyi batanguye ibitero vyabo kuva muri 2017 bakaba bari barabwiye reta ko batazorekura Mundi reta itarekuye abayobozi babo 47 yafashe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG