Uko wahagera

Papa Fransisiko Yatoye Abakardinare Bashasha 21 Barimwo Umunyafrika


Abakardinari mu nkuka y'imisa i St. Peter i Vaticano, kw'itariki ya 15/05/2022.

Papa Francisiko yatangaje ko azoduza abakozi ba Ekleziya 21 ku mwanya w’aba-kardinari, mu birori bizobera i Vaticani mu kwezi kwa munani uyu mwaka.

Mu bazokwambikwa inkofero itukura y’ubu Kardinari bazoba barimwo babiri bamuka mu Buhindi, umwe wo muri Mongolia, Ghana, Nijeriya, Singapore, Timor yo mu buseruko, Paraguay na Brezile. Ibi biri mu vyo Papa Francisiko yiyemeje kugira Ekleziya Katolika ironke abategetsi berekena ishusho y’isi yose.

Benshi muri abo ba kardinari bashasha bazoba bafise imyaka iri munsi ya 80 kandi bazoba bemerewe kuzoba mu bazotora papa azosubirira uwuhari ubu, mu matora aba mw’ibanga.

Mu bizewe na Papa kuri uyu w’Imana, ntiharimwo umwepiskopi Salvatore Cordileone, wo muri San Francisco, muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Mu ntango z’uku kwezi, Cordileone yavuze ko atazosubira gusangiza umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika, Nancy Pelosi kuko ashigikiye uburenganzira bwo gukorora imbanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG