Uko wahagera

Senegal: Umushikiranganji w'amagara y'Abantu Yakuwe Inyuma y'Urupfu rw'Impinja 11


Perezida wa Senegal Macky Sall
Perezida wa Senegal Macky Sall

Perezida wa Senegal, Macky Sall, yakuye mu mabanga umushikirangani w’amagara y’abantu kuri uyu wa kane, mu gihe igihugu ciwe kiriko kiragandarira abana b’impinja 11 bishwe n’umuriro mu bitaro, utewe n’intsinga z’umuyagankuba.

Iryo sanganya ryabaye ku mugoroba wo ku musi wa gatatu, mu gisagara ca Tivaouane, mu burengero bw’igihugu. Ni rumwe mu mpfu zibera mu bitaro zigaragazwa n’ukwanjanjwa kw’ibitaro mu gihugu.

Ibiro vya perezida vyatangaje ku muhingamo wo kuri uyu wa kane ko umushikiranganji yahahora asubirijwe na Marie Khemesse Ngom Ndiaye, yahoze ari umuyobozi mukuru w’ikigo ca reta kijejwe ivy’amagara y’abantu.

Ivyo biro vyavuze ko perezida Macky Sall agiye gucira hagati urugendo rwiwe asubire muri Senegal, aho ategekanya kuzogendera ivyo bitaro ku musi wa gatandatu.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus nawe yavuze ko ivyabaye muri Senegal birenze uko yokwiyumvira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG