Uko wahagera

Ubushinwa n'Uburusiya Baburijemwo Ibihano kuri Koreya ya Ruguru


Akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano i New York
Akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano i New York

Ubushinwa n’Uburusiya kuri uyu wa kane bwanse kwemeza ibihano vyateguwe na Reta zunze ubumwe za Amerika kuri Koreya ya ruguru mu kanama kajejwe amahoro n’umutekano. Koreya ya ruguru yagirizwa kwongera kurungika misile balistike, inyuma y’urugendo rwa Perezida Joe Biden muri Aziya.

Iyi nyifato y’Ubushinwa n’Uburusiya yaciyemwo ibice akanama kajejwe umutekano kuva gatangura gufata ibihano kuri Koreya ya ruguru mu 2006.

Haciye imyaka 16 ibihugu bigize ako kanama bikorera hamwe mu mwumvikano mu guhana Koreya ya ruguru kubera porogaramu yayo y’ibigendejuru vya misile.

Ubushinwa n’Uburusiya vyarahinduye ingendo bihitamwo kuvugira ico gihugu, bisaba ONU gutezura ivyo bihano cane cane mu bisata vyo kugarukira ku buzima bw’abanyagihugu.

Ambasaderi w’Ubushinwa muri ONU, Zhang Jun, yavuze ko kwongereza ibihano kuri Koreya ya ruguru ataco bizofasha mu gukemura ikibazo kihari atari ugutuma ibintu birushiriza kuyangara.

Ubushinwa kandi buriko burasaba Amerika kwegera Koreya ya ruguru bagasubira mu biganiro vyahagaze kuva mu 2019.

Reta zunze ubumwe za Amerika na Koreya y’epfo baragabisha ko Koreya ya ruguru iriko irategura kugerageza ikindi gisasu ca nikereyeri ku ncuro y’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG