Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kuri uyu wa kane kagumijeho ibihano ku kutagura ibirwanisho hamwe n’ibindi vyafatiwe Sudani y’ubumanuko kubwo umutekano muke ukirangwa muri ico gihugu.
Ibi bihano vyongerejwe ikindi kiringo gushika mu kwezi kwa gatanu 2023. Vyemejwe n’ibihugu 10 kuri 15, harimwo na Gabon, Kenya, Ubuhindi, Uburusiya, ariko Ubushinwa bwifashe, ntaco bwavuze.
Vyashizweho mu mwaka wa 2018, inyuma y’amasezerano y’amahoro yahagaritse intambara yamaze imyaka itanu hagati y’imihari iyoboka Perezida Salva Kiir n’icegera ca perezida, Riek Machar.
Ariko, mu ntango z’uku kwezi, umurwi w’intumwa za ONU zasavye ko ivyo bihano bigumaho kubwo kutubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara. Reta nayo yaciye ifatirwa ibihano vyo kutagura ibiduga vy’intambara kubwo kutubahiriza ayo mategeko.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yavuze ko muri Sudani y’ubumanuko ibirwanisho bitarakurwa mu maboko y’abarwanyi, kandi batarashirwa mu gisirikare ca reta.
Facebook Forum