Uko wahagera

Inkuru y'Umunyagihugu Yagiranye Ikiganiro na Al-Shabab


Ahaherereye igisagara ca Mogadishu
Ahaherereye igisagara ca Mogadishu

Umupolisi w’umunyesomaliya yarahamagwe kuri telephone n’umuntu atazi amutegeka ko bahurira mu kigwati kiri hanze y’umurwa mukuru wa Mogadishu. Uwo muntu yamuhamagaye yari umwe mu barwanyi ba al-shabab yamubwiye ko muri ico kigwati ari ho umugwi wabo w’abarwanyi uzokemurira ikibazo kiri hagati ya we na musaza wiwe. Uwo muntu yijeje uwo mupolisi ko umutekano wiwe uzoba ucungerewe naho yoza ari mu nyambaro ziwe z’igipolisi.

Khadar yaratimvye aragenda muri iyo nama n’abo bagwanyi. Ashitse munzu y’amabati bamugenekereje, yahasanze abagabo bafise ubwanwa burebure bamubajije ibibazo vyinshi bijanye n’igabangana ry’itongo se wiwe yasigiye we n’abo bivukana bamubaza impavu batariko bararigabanganya neza.

Abo bagabo babandanije kugira iterabwoba kuri we bwite no kubo bikorana mu gipolisi hamwe no kuri reta muri rusangi. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yagiranye n’itororokanirizo ry'amakuru ry’abanyamerika AP, akaba atashimye gutanga amazina yiwe yose ku mvo z’umutekano.

Uwo mugwi wa al-Shabab ugenda ukoresha igikenye n’ubutegetsi mu buzima bw’abanyagihugu no mu buzima bw’igihugu muri rusangi. Ivyo ni bimwe mu vyerekana ikibazo gikomeye kihari muri ico gihugu co mw’ihembe rya Afrika gisanzwe kigeramiwe n’umutekano muke. Ico gihugu giheruka kuronka reta nshasha igiye kuyoborwa na Hassan Sheikh Mohamud.

Amakenga ahari mu bategetsi arengeye ibitero vya buri gihe bigirwa n’uyo murwi w’abarwanyi basanzwe bagira ibitero mu bibanza bigenderamwo abategetsi. Ivyo vyiyongereye ku ntara zimwe zimwe zitari nto abo bagwayi bamaze gufata, aho reta idahirahira kujamwo kandi idashobora kutozamwo amakori.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG