Uko wahagera

Burundi: Abanyeshure Bariteguriye Ikibazo ca Reta c'Igice ca Kabiri c'Amashure?


Bamwe mu Banyeshure bo mu Burundi
Bamwe mu Banyeshure bo mu Burundi

Abanyeshure barenga 4.000 ni bo biteguriye gukora ikibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye mu ntara ya Ngozi. Kw’ishure ryisumbuye rya Bugorora muri Komine Mwuma, abanyeshure n'abigisha bariteguye kandi bizera kuzoba aba mbere nk’uko iryo shure rimaze imyaka ibiri ribikora.

Iryo shure ryisumbuye rya ECOFO Bugorora riri muri Komine Mwumba, nko ku birometero birenga 20 uvuye ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi ugana ku ruzi Akanyaru rugabura Uburundi n’u Rwanda.

Kuri iryo shure imyiteguro y’ikibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu gisata ca kabiri c’amashure yisumbuye kizoba ku musi wa mbere igenekerezo rya 30 z’ukwezi kwa gatanu igeze kure.

Iryo shure ryisumbuye rya Bugorora rimaze imyaka ibiri riba irya mbere mu ntara ya Ngozi, si ishure riri mu gisagara aho kenshi abantu bibaza ko abana ariho bamenya gusumba ahandi.

Ico kibazo ca reta kirafise akamaro kanini cane ku banyeshure bageze mu mwaka w’icenda. Abakimenye baca baja mu gisata ca kabiri c’amashure yisumbuye, amashure akabandanya. Abakiyobewe kenshi barahura n’ibibazo bitandukanye. Benshi baba bakiri bato cane, abataronse aho biga amashure y’imyuga baca bataha iwabo bakaja mu buzima busanzwe bagakoresha ubumenyi baronse. Ivyo navyo ntibikunze kworoha arico gituma abavyeyi bama basaba ko amashure y’imyuga yokongerezwa mu gihugu kandi akaronswa ibikoresho n’abarimu babinonosoye.

Inkuru ya Desire Hatungimana akorera Ijwi ry'Amerika

Imyiteguro y'Ikibazo ca Reta mu Burundi Igeze he?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:42 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG