Uko wahagera

Rwanda: Abarwanyi Barenga 700 Harimwo Abarundi Basubijwe mu Buzima Busanzwe


Bamwe mu bahoze ari abatrwanyii u Rwanda rwasezereye
Bamwe mu bahoze ari abatrwanyii u Rwanda rwasezereye

Kuri uyu wa kabiri, reta y’u Rwanda yasezeye abahoze ari abarwanyi mu mitwe itandukanye harimwo FDLR n’iyindi. Bose hamwe barenga 730 bafatiwe mu mashamba ya Republika ya Demokarasi ya kongo. Kiretse Abanyarwanda, muri abo harimwo Abarundi, Abaganda n’Abakongomani. Komisiyo ijejwe gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ku rugamba ivuga ko abo banyamahanga bazohabwa ibihugu vyabo.

Abasubijwe mu buzima busanzwe kuri uyu wa kabiri bafatiwe ku rugamba mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Kongo. Bafashwe n’igisirikare c’ico gihugu mu mpera z’umwaka w’i 2019. Bose hamwe ni 735 barimwo abasirikare bakuru barenga 30. Bavuga ko bahoze mu migwi irwanya reta y’ u Rwanda harimwo nka FDLR, RNC, Urunana n’iyindi. Bongerako ko hari n’iyindi migwi igwanya ama reta y’ibihugu bibanyi vy’u Rwanda bahoze barimwo canke bakoreye.

Umushikiranganji w’ubutegetsi bw’igihuhu Jean Marie Vianney Gatabazi yabahamagariye kwibagira ishamba bagateza imbere igihugu, abagisigaye mu mashamba na bo gutahuka. Ikigo ca Mutobo bahoramwo, kiri mu karere ka Musanze mu ntara y’Amajaruguru kimaze kwakira abarenga ibihumbi 12 bahoze ku rugamba basubijwe mu buzima busanzwe. Komisiyo ibashinzwe yemeza ko abakiri inyuma bashobora kuba barenga abo.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Rwanda: Bamwe mu Bahoze ku Rugamba Bazohabwa Ibihugu Vyabo
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:06 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG