Uko wahagera

Uruzuba n'Ubushuhe Vyabaye Ndanse mu Buhindi


Umunyagihugu wo mu Buhindi agerageza kumara ubushuhe akoresheje amazi
Umunyagihugu wo mu Buhindi agerageza kumara ubushuhe akoresheje amazi

Ubushuhe bwinshi hamwe n'uruzuba mu Buhindi birabangamiye abanyagihugu bakora ubuzi buto buto, cane cane abakorera hanze. Ni mu gihe mu myaka 20 iheze hapfuye abantu ibihumbi mirongo ibiri bazira uruzuba rwinshi.

Abadandaza amazi ku mayira bavuga ko bamererwa nabi cane buri musi ariko ko bategerezwa kugaruka haciye imisi mike kugira bashobore kugira inguvu. Ubushakashatsi bwa kaminuza ya Duke muri Amerika, bwerekana ko hagati y’umwaka wa 2001 na 2020 Ubuhindi bwarahomvye amafaranga angana n’imiriyaridi 100 z’amadolari y’amanyamerika kubera ubwo bushuhe .

Ubushuhe bufise ingaruka mbi cane ku bantu badafise aho bugamira iyo bariko barakora. Ariko kandi ntibakunze kwubahiriza impanuro za reta zibasaba kutaja kw’izuba hagati ya sa sita na sa cenda zo kumurango. Abahinga bajejwe ibidukikije bavuga ko mu bantu bashika ku bihumbi 20 bapfuye mu myaka 20 iheze bari hagati y’imyaka 30-60, imyaka isanzwe ari iy’abantu b'abakozi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG