Uko wahagera

Uburundi Bwemereye Gufasha DRC Kuganira n'Imirwi Irwana


Perezida w'Uburundi na Mugenzi wiwe wa Kongo
Perezida w'Uburundi na Mugenzi wiwe wa Kongo

Umukuru w'igihugu c'Uburundi avuga ko igihugu ciwe citeguriye gufasha Kongo mu biganiro hagati ya Reta n'imirwi irwana, ugukura ibirwanisho mu banyagihugu no mu bikorwa vyo kunywanisha no gusubiza hamwe. Perezida Evariste Ndayishimiye yabitangaje mu gihe yasezera mugenzi we Felix Tshisekedi inyuma y'urugendo rw'imisi itatu yari amazemwo mu Burundi.

Umukuru w'igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo nawe yasavye ibindi bihugu guha icizere Uburundi, abukeza ku kuntu "butahengeshanije kwiyubaka no mu gihe bwari bwafatiwe ibihano n'ubumwe bwa Bulaya".

Perezida Felix Tshisekedi mu rugendo rwiwe yagendeye ibibanza bitari bike birimwo ihinguriro ry’umwavu w’ikizungu FOMI, ferme y’i Buringa mu burengero bw’Uburundi hamwe n’umurwa mukuru wa poritike Gitega ahazubakwa ikirimba gishasha c’umukuru w’igihugu akaba yaranagishizeko ibuye rya mbere ari kumwe na mugenzi we Evariste Ndayishimiye.

Aho i Gitega yanafashe akanya ko kuja kunamira intatemwa ya nyakwigendera Perezida Nkurunziza yasandavye muri 2020, umukuru w’igihugu ca Kongo akamufata nk’icitegererezo kuri Afrika naho atakiriho.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza

Kongo Isaba Amakungu Kwizera Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:02:10 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG