Uko wahagera

Etiyopiya: Uruhigi rw'Abamenyeshamakuru Bagirizwa Kubangamira Umutekano


Bamwe mu bamenyeshamakuru ba Etiyopiya mu myiyerekano yo guharanira uburenganzira bwabo
Bamwe mu bamenyeshamakuru ba Etiyopiya mu myiyerekano yo guharanira uburenganzira bwabo

Reta ya Etiyopiya yatanguye igikogwa kidasanzwe co gufata no gushira mu munyororo abamenyeshamakuru hamwe n’abantu abaribo bose ivuga ko boba bariko babangamira umutekano w’igihugu.

Muri ico gikogwa abajejwe umutekano bamaze gufata abantu bashika ku 4,500 mu ntara imwe yonyene y’igihugu. Ico gikogwa co gufata abamenyeshamakuru, abaharanira agateka ka kiremwa muntu n’abandi bacise, “Igikogwa co gushira mungiro amategeko” catanguye kw’itariki ya 20 z’uku kwezi kwa gatanu. Ni inyuma yaho ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, bimenyesheje ko hakenewe umugambi wo gukingira abanyagihugu no kubungabunga ineza y’igihugu”

Kuri uno musi wa mbere ni ho abategetsi bo mu nzego z’umutekano mu ntara ya Amhara batangaza ko bamaze gufata abantu barenga ibihumbi 4,500. Desalegn Tassew, umukuru w’ibiro bijejwe umutekano muri iyo ntara, yabwiye abamenyeshamakuru ko iryo fata ku bwinshi ry’abantu ryakozwe mu ntumbero yo guhagarira amategeko, gukingira umutekano hamwe no gukemura ikibazo c’ubugizi bwa nabi no kugwanya umwansi aturuka hanze.

Amashirahamwe aharanira agateka k’abantu arahangayikishijwe n’ico kibazo. Tigist Shumye, avukana n’umumemyeshamakuru azwi cane yitwa Solomin Shumye yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika AP ko musaza wiwe yafatiwe muhira iwe n’abantu bari bambaye impunzu zisanzwe kw’itariki ya 20. Ati ntibashimye kuvuga amazina yabo kandi nanje banshize mu munyororo amasaha abiri kubera ndi mushiki w’umumeyeshamakuru.

Imigambwe itandukanye n’ibimenyeshamakuru bimwe bimwe vyagiriza reta ya Etiyopiya kuba inyuruza abantu. Abaharanira ineza y’abandi nabo bakavuga ko ari umugambi mushasha reta itanguye gukoresha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG