Uko wahagera

Amerika Yemeje ko Rusesabagina Afunzwe Bidakurikije Amategeko


Paul Rusesabagina
Paul Rusesabagina

Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze ku musi wa kane ko yemeje ko Paul Rusesabagina afunzwe na reta y’u Rwanda mu buryo budatakurikije amategeko.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu ni bwo bwavyemeje, nkuko umuvugizi wabwo yabivuze.

Kwemeza ivyo kw’ubwo bushikiranganji, bukunze gushikiriza amakenga ku kibazo ciwe, bifise insiguro ko buca buhamagarirwa gukora kugira bumufunguze.

Rusesabagina, yatawe mu mvuto agifatwa mu kwezi kwa munani 2020, igihe indege yarimwo azi ko imushikana mu Burundi yisanze ageze i Kigali.

Umuryango wiwe wavuze ko ufise icizere ku kumva Amerika ivuze uko, hagiye kuba kuremera u Rwanda kugira rumurekure. Kubwo gukikwa n’amagara, umuryango wiwe ufise ubwoba ko azopfira mw’ibohero mu Rwanda mu gihe Amerika n’abandi ataco bokora kugira arekurwe.

Rusesabagina yagirijwe kuba yaragize uruhara mu muhari w’abarobeli bagirizwa ibitero mu Rwanda mu myaka ya 2018 na 2019. Yakatiwe igifungo c’imyaka 25.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG