Uko wahagera

Perezida wa Gineya Bissau Yakuye Inama Nshingamateka na Sena


Perezida wa Gineya Bissau, Umaro Sissoco Embaló.
Perezida wa Gineya Bissau, Umaro Sissoco Embaló.

Perezida Umaro Sissoco Embalo wa Gineya Bissau kuri uyu wa mbere yasheshe inama nshingamateka na nkenguzamateka. Yavuze kandi ko amatora mashasha y’abashingamateka azotunganywa imbere y’uko uyu mwaka urangira, kugira impari za poritike zimaze igihe zizingamitse igihugu zironke umuti.

Ukutumvikana hagati y’abashingamateka na perezidanse kumaze amezi muri ico gihugu co muri Afrika y’uburengero.

Itegeko rya perezida ryasohowe ryavuze ko ayandi matora y’abashingamateka azoba kw’itariki ya 18 ukwezi kwa cumi na kabiri uyu mwaka wa 2022.

Iki gihugu cahoze mu bukoroni bwa Portugal, gifise abanyagihugu hafi imiriyoni zibiri, caranzwemwo umutekano muke kandi kuva mu 1974, hamaze kuba kudeta zine, iyiheruka yabaye mu 2012.

Ukutumvikana hagati ya Perezida Embalo, w’imyaka 49, n’abashingamateka, gufise amamuko ku wutavuga rumwe n’ubutegetsi, Domingos Simoes Pereira. Uyu yatsinzwe na Embalo mu matora atumvikanweko yo mu 2019, hamwe n’impari ku budahangarwa ahabwa no kuba ari umushingamateka.

Inama nshingamateka ya Gineya Bissau na perezidanse zakunze guhangana ku gusabikanya ibiva mu gitoro cimburirwa hafi y’urubibe na Senegal. Izo nzego zibiri kandi ntizumvikana kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro hamwe n’itangazwa ry’abasirikare ba CEDEAO borungikwa muri ico gihugu gufasha kubungabunga amahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG