Uko wahagera

Gineya Bissau: Amatohoza ku Bagerageje Kudeta Yatanguye


Perezida wa Guinea-Bissau Umaro Sissoco Embalo mu kiganiro n'abamenyeshamakuru
Perezida wa Guinea-Bissau Umaro Sissoco Embalo mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Guineya Bissau kuri uyu wa gatatu yatanguje amatohoza agamije kumenya abari inyuma y’umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Umaro Sissoco Embalo. Perezida yararokotse mu gitero c’inkoho cishe abantu 11, nkuko reta y’ico gihugu co mu karere ka Afurika y’uburengero ibivuga.

Abantu bitwaje ibirwanisho bikomakomeye ku musi wa kabiri barakikuje ahari inyubakwa za reta ku murwa mukuru Bissau, aho Perezida Embalo hamwe n’umushikiranganji wiwe wa mbere bari mu nama n’abandi bashikiranganji.

Amakuru ava mu gisirikare yavuze kuri uyu wa gatatu ko abasirikare batandatu bahasize ubuzima, ariko ayo makuru ntatomora nimba bari abo ku ruhande rwateye canke urwacungera umutekano wa perezida.

Kuri uyu wa gatatu, ubuzima bwagarutse buhoro buhoro mu mabarabara y’i Bissau, aho amaduka n’amabanki vyasubiye kwugurura, nkuko abamenyeshamakuru ba AFP babivuze.

Amakuru ava mu gisirikare yavuze ko hashinzwe umurwi wo gutohoza ivyabaye, kandi ko iperereza rya gisirikare ririko rirakoranya amakuru ku vyabereye ku cicaro ca reta.

Amazina y’ababigizemwo uruhara hamwe n’icatumye iyo kudeta igeragezwa ntibiratomoka. Ariko Perezida Embalo yavuze ko iki gitero gifitaniye isano n’urugamba arimwo rwo kurwanya urudandaza rw’ibiyayuramutwe hamwe n’ibiturire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG