Uko wahagera

Kenya: Odinga Agatsinda Amatora Azogira Visi Perezida w'Umugore


 Raila Odinga kumwe na Martha Karua
Raila Odinga kumwe na Martha Karua

Raila Odinga na William Ruto, abakandida babiri bazokwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu muri Kenya batangaje abazobafasha mu gikorwa c'ukwiyamamaza. Abo bafasha bompi n’abakikuyu, ubwoko burwiriyemwo abantu benshi cane muri Kenya. Odinga na Ruto baturuka mu bundi bwoko bariko barondera amajwi y’abakikuyu.

Raila Odinga, afise imyaka 77 muri iki gihe, yagenye uno musi ku wa mbere umupfasoni, Martha Karua, yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane yitoje mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’i 2013 inyuma y’uko aranguye amabanga yiwe mu nama nshingamateka mu kiringo c’imyaka 20.

Karua yatangaje ko iki ari igihe c’abakenyezi muri Kenya. Igihe Odinga yashikiriza izina ryiwe abamushigikiye bafise akamwemwe, yamuhayagije kubera yaranzwe n’ uguhindura ibintu. Odinga amenyesha ko imyaka 60 inyuma y’uko Kenya yikukiye, badashobora kwihanganira ko inzego za reta zibandanya kwizizirwa n’abagabo gusa.

William Ruto ahiganwa na Raila Odinga, muri iki gihe akaba ari icegera ca prezida wa Kenya, yagenye Rigathi Gachagua nk’umufasha wiwe mu gikorwa c’ukwiyamamaza. Gachagua ni umushingamateka, akaba n’umurwizatunga akomeye. Aturuka mu karere ka Mount Kenya kagwiriyemwo cane abo mu bwoko bw’abakikuyu.

Abaprezida 3 kuri bane batwaye Kenya kuva yikukira mu mwaka w’i 1963, bava mu bwoko bw’abakikuyu. Raila Odinga yarashigikiwe na prezida Uhuru Kenyatta, umukikuyu, inyuma y’uko we na William Ruto batumvikanye. Yatangaje ko Ruto adakwiye kuba prezida wa Kenya. Kenyatta azoshikiriza ubutegetsi igihe azoba arangije ibiringo vyiwe bitegekanywa n’ibwirizwa shingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG