Uko wahagera

Tuniziya: Perezida Saied Ntazemera Indorerezi Mpuzamakungu mu Matora


Kais Saied perezida wa Tuniziya
Kais Saied perezida wa Tuniziya

Perezida wa Tuniziya, Kais Saied kuri uyu wa kane yavuze ko ateye kubiri n’umuzo w’indorerezi mvamakungu mu gihugu ciwe, mu gihe mu mpera z’uyu mwaka citeguriye referandumu kw’ibwirizwa shingiro hamwe n’amatora y’abashigamateka.

Mu gihe yariko ararahiza abagize komisiyo nshasha y’amatora, yavuze ko igihugu ciwe ata nteko zagifashe ku buryo corungikirwa indorerezi.

Perezida Saied mu kwezi kw’indwi umwaka uheze yarasheshe reta yongera akura inama nshingamateka na Sena. Ibi vyatumye haba ubwoba ko demokarasi inigiwe mu menshi. Kuva ico gihe niwe agenzura igisata c’ubutungane kandi kw’itariki ya 22 ukwezi kwa kane yihaye ububasha bwo kugena batatu ku bantu indwi bagize komisiyo y’amatora, barimwo we nyene ubwiwe.

Ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bw’imigenderanire n’amakungu bwavuze ko butewe impungenge n’ingingo ya Perezida Saied yo guhindura wenyene abazohagararira amatora.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG