Uko wahagera

Cote d'Ivoire Iriko Irondera Umuriyaridi w'Amadorali wo Kunagura Amashamba


Perezida wa Cote d'Ivoire Alassane Ouattara
Perezida wa Cote d'Ivoire Alassane Ouattara

Cote d'Ivoire ifise imigambi yo gutororokanya umuliyaridi n'imiliyoni amajana atanu y'amadolari azokoreshwa mu kunagura amashamba mu gihugu mu kiringo c'imyaka 5. Azokoreshwa kandi mu kwongereza umwimbu w'ibifungurwa, nk'uko vyatangajwe na Prezida w'ico gihugu, Alassanne Ouattara, uno musi ku wa mbere.

Prezida Alassane Ouattara yatangaje iyo nkuru igihe c’ikoraniro ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’ubugararwa, ku murwa mukuru, Abidjan, uno musi ku wa mbere.

Cote d’Ivoire, igihugu cimbura Cacao kurusha ibindi bihugu vyo kw’isi, catakaje ibice 80 kw’ijana vy’amashamba yaco hagati y’umwaka w’i 1900 n’umwaka w’i 2021. Ico gihugu gishobora gutakaza amashamba yose mu mwaka w’i 2050 niyo ibintu vyabandanya uko bimeze muri iki gihe.

Ouattara ntiyatanje ku buryo bugaragara abo yizeye ko bazotanga ayo mafaranga. Yamara yasavye abikorera ku giti cabo gufasha gutanga amafaranga agenewe umugambi utandukanye wa reta w’umuliyaridi w’amadolari ugenewe kunagura hegitari imiliyoni 3 z’amashamba mu mwaka w’i 2030.

Umugambi w’imyaka itanu w’umuliyaridi n’imiliyoni amajana atanu yatangaje uzofasha kandi kwongereza ubuzi mu bice vyo hagati mu gihugu hamwe n’umwimbu w’ibifungurwa mu gihugu catakaje imiliyoni n’imiliyoni y’amahegitari y’amashamba n’isi ndimwa kubera imirima ya Cacao.

Prezida Ouattara yatangaje ko kubera abanyagihugu babagiriye icizere bategerezwa gukorera hamwe kugira bagarukire amashamba y’igihugu cabo. Abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi bazohura mu biganiro bizomara indwi zibiri, bizoba vyerekeye uburyo bwo guhagarika itituka ry’ubutaka, ihona ry’amashamba hamwe n’ubugararwa bitera vyiyongera, bigatuma haba ubukene n’intambara kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG