Uko wahagera

Miburo Atunzwe no Kwegeka Asaba Abarundi Kutagaya Akazi


Cyprien Miburo yatejwe imbere no kwegeka
Cyprien Miburo yatejwe imbere no kwegeka

Mu gihe mu Burundi havugwa ubushomeri bwinshi haba mu baba mu misozi no mu bisagara, abize n’abatize, hari umugabo w'imyaka 36 wo mu ntara ya Bubanza mu burengero yahisemwo kwijukira umwuga w'ubuvumbi.

Uwo mugabo yitwa Cyprien Miburo, wo ku Mutumba wa Gahwazi ya mbere muri komine Mpanda, amaze imyaka igera kuri 13 akora uwo mwuga w’ubuvumbi. I ruhande y’imizinga yiwe bwite yigumanira akayihakura, agaha ubuki abiwe ubundi akabugurisha, anakora urucuruzwa rwo kudandaza ibitiba.

Cyprine Miburo, iruhande ya kimwe mu bitiba vyiwe
Cyprine Miburo, iruhande ya kimwe mu bitiba vyiwe

Miburo w’imyaka 36 asigura ko uyu mwuga umutunze. Amaze kwigurira amatongo ane yose n’I parasera yubatsemwo inzu mu mafaranga akura mu buki n’ibitiba ashora. Ibi yabigezeko ata ngurane asavye umuntu canke ibanki. Uwu mugabo w’abana batatu ariko yemeza ko akazi ko kwegeka atari yororo. Hari nabo yigishije baciye baheba kubera ukwegeka biruhije.

Cyprien Miburo ahanura Abarundi na cane cane abakiri bato kwijukira kurondera imyuga mitomito yo kubateza imbere kandi ntibagaye akazi. Mu Burundi, nta bitigiri nyezina vy’abavumbi bizwi. Ariko umwuga wo kwegeka urakorwa cane muri ico gihugu mbere mu ntara zitari nke, ni ingo nke zidafise imizinga ibiri n’imiburiburi kuri buri muryango.

Fyonda munsi wumvirize inkuru ya Miburo, yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya, Eloge Willy Kaneza.

Inkuru ya Miburo Yatejwe Imbere no Kwegeka
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:15 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG