Uko wahagera

USA Irahakana Uruhara mu Kwica Ingabo Nkuru z'Uburusiya muri Ukraine


John Kirby ajejwe gutanga amakuru mu biro bikuru vya gisirikare muri Amerika,
John Kirby ajejwe gutanga amakuru mu biro bikuru vya gisirikare muri Amerika,

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika, burahakana ko Amerika ata ruhara rwa gisirikare rweruye ifise mw’iyicwa ry’ingabo z’Uburusiya z’amapete yo hejuru ziri kurwanira muri Ukraine.

John Kirby ajejwe gutanga amakuru mu biro bikuru vya gisirikare muri Amerika, Pentagon, abeshuje ivyo vyagiriji inyuma y’inkuru ifise uburemere yasohowe n’ikimyeshamakuru nyamerika, The New York Times, kigaruka kuri ivyo vyagiriji, congera cerekana muri rusangi ingene Amerika ishigikiye igisirikare ca Ukraine.

Kirby aremera adahigimanga ko Amerika yahaye inyigisho z’iperereza abasirikare ba Ukraine kugira ibafashe kurwanira igihugu cabo, ariko agahakana ko ata ruhara ifise mu kwerekana ahari aba jenerali b’Uburusiya kugira vyorohe ko Ukraine ibica.

The New York Times ku wa gatatu mw’ijoro yemeje ko iperereza ry’Amerika ryafashije Ukraine kumenya ahanyegeye aba jenerali b’Uburusiya no kubica kuva Uburusiya butangura gutera Ukraine.

Ikinyamakuru, The New York Times, kivuga ko bamwe mu bategetsi b’Amerika batashimye ko amazina yabo aja ahabona ari bo bakibwiye ko aba jenereli barenga 20 b’Uburusiya bishwe na Ukraine, kandi ko abenshi mu bishwe Ukraine yamenye ibibanza barimwo ibifashijwe n’Amerika.

Aho impande zihuriza ni uko Ukraine akenshi idahusha mu gutera ibirindiro biriko ingabo nkuru z’Uburusiya: Mu ndwi iheze habuze gato ngo itere ikirindiro cari cagendewe n’umukuru w’intwazangabo z’Uburusiya. Amakuru ataremezwa n’impande zose avuga ko Ukraine yagavye ico gitero inyuma y’amasaha make Jenerali Valery Gerasimov atwara ingabo zose z’Uburusiya ahavuye.

Ikinyamakuru The New York Times kivuga ko Amerika itanga amakuru y’ahari ikirindiro gikuru c’ingabo z’Uburusiya ziri ku rugamba, ariko Uburusiya nabwo bugahindura cane aho bushira ibirindiro vyabwo. Umuvugizi wa Pentagon kuri ibi ashimangira ko Ukraine ari yo yihitiramwo aho igaba ibitero n’abo ibigabako.
Akanama kajejwe umutekano mu biro kwa Prezida w’Amerika kanebaguye inkuru ya The New York Times kavuga ko yuzuye ugusamara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG