Uko wahagera

Prezida w'Uburusiya Yasavye Imbabazi Isirayeri


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Kumwe na Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Kumwe na Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yasavye imbabazi Isirayeri ku majambo arimwo “urwanko rw’Abayahudi” umushikikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu aheruka kuvuga.

Umushikiranganji Sergei Lavrov mu kiganiro yakoranye na tereviziyo y’Abataliyano yitwa, Zona Bianca, mu ndwi iheze yavuze ko umwansi mukuru w’Abayahudi ari Abayahudi ubwabo, yongerako ko umukuru w’abanazi, Adolf Hitler, “yari afise amaraso y’Abayahudi”.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere muri Isirayeri, vyemeje ko Putin yasavye ikigongwe bivuga ko, Naftali Bennett, aramutswa ubwo bushikiranganji yemeye gutanga imbabazi Putin yasavye, kw’izina ry’Abayahudi agirako amushimira ko yerekanye aho ahagaze mu guha icubahiro abazize ubwicanyi abanazi b’Abadagi bakoreye Abayahudi mu ntambara ya kabiri y’isi. Ubwo bwicanyi bwahitanye Abayahudi baharurwa mi miriyoni zitandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG