Uko wahagera

Suu Kyi Yahora Atwara Myanmar Ashobora Gukatirwa Imyaka 150


Aung San Suu Kyi Yahora Atwara Myanmar
Aung San Suu Kyi Yahora Atwara Myanmar

Sentare nkuru ya Myanmar yanse kuvanaho igihano c’umunyororo w’imyaka itanu waciriwe Madamu Aung San Suu Kyi yahora atwara ico gihugu. Ababuranira Aung San Suu Kyi bari basavye ko ico gihano cofutwa basigura ko arenganywa, kandi ivyo yagirizwa bitumvikana.

Suu Kyi w’imyaka 76 yakatiwe umunyororo w’imyaka itanu mu ndwi iheze. Mu vyaha yagirizwa, harimwo ivyaha vy’ibiturire birimwo ugufumbatishwa amafaranga, n’uguhabwa inzahabu zifise agaciro k’ibihumbi 600 vy’amadorali y’Amerika.

Umunyororo yaciriwe uje wiyongera ku wundi w’imyaka 6 yakatiwe yagirizwa kubera intambamyi abasirikare no kutubahiriza amabwirizwa yo gukumira ikiza ca Covid-19.

Madamu Aung San Suu Kyi aragirizwa n’ibindi vyaha bikomakomeye, biramutse bimwagiriye bishobora gutuma akatirwa igifungo c’imyaka 150.

Suu Kyi afungishirijwe ic’amaso ku muhana iwe. Yavanywe ku butegetsi n’abasirikare mu mwaka uheze. Kuva akorewe kudeta, hagiye haba imyiyerekano y’abiyamiriza abasirikare bamuvanye ku butegetsi. Abarenga 1800 baraguye muri iyo myiyerekano

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG