Ikigega ca ONU citaho abana, UNICEF, gitangaza ko ibice 17% vy’amashure gifata mu mugongo mu buseruko bwa Ukraine ari yo amaze gusenyuka kuva Uburusiya butanguza ingwano muri Ukraine.
UNICEF isigura ko ibi biharuro bivuga ko ku mashure 6 ifasha muri Ukraine, n’imiburiburi rimwe ryasenyutse. Mu ndwi iheze, UNICEF yemeza ko Uburusiya bwagavye ibitero ku mashure n’imiburiburi abiri, ayandi arenga ijana muri rusangi ni yo UNICEF yemeza ko Uburusiya bumaze kubomora kuva mu mpera z’ukwezi kwa kabiri. Uburusiya burahakana ko ata bitero bugaba ku mashure no ku bitaro vyo muri Ukraine.
Mu bindi biharuro bishasha, UNICEF yemeje ko abana baharurwa mu majana ari bo bamaze kurwa mu ntambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine. Mu twigoro UNICEF itangaza ko iriko irakora kugira ishigikire abana batagishobora kwiga kubera intambara muri Ukraine, harimwo ukugerageza kubaronsa inyigisho biciye mu buhinga bwa none iyo bahungiye, no gushigikira ibihugu vyakiriye impunzi zirimwo abana bo muri Ukraine.
Facebook Forum