Uko wahagera

UK Yagiriza Uburusiya Ibitero ku Buhinga bwa None


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubwongereza n'ayandi makungu, kumwe n'uwujejwe imigenderanire y'Uburusiya n'ayandi makungu

Ubwongereza bwagiriza Uburusiya ko bwasubiye gukora igitero c’ubuhinga bwa none ku bategetsi batandukanye bo kw’isi. Amatohoza Ubwongereza buhagazeko avuga ko ico gitero cakozwe ku mbuga ngurukanabumenyi z’abategetsi batandukanye yari agamije gutanga amakuru atariyo, yoza yerekana ko gutera Ukraine vyari bikwiye kandi ko ata mategeko yahonyanzwe.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubwongereza n’ayandi makungu, yasiguye ko hari ishirahamwe ryo mu gisagara ca St. Petersburg ryakoresheje urubuga rwa Telegram, mu kurondera abantu baza barasubiza ubutumwa bwiyamiriza intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine, berekana ko bashigikiye iyo ntambara kandi ko bari ku ruhande rwa Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin. Abo bantu Ubwongereza ntibwavuze uko bangana, ariko barahemberwa ibikorwa vyabo.

Ibitero vy'ubuhinga bwa none Ubwongereza bwagiriza Uburusiya biciye mu citiriwe “Ishirahamwe” vyakozwe ku mbuga ngurukanabumenyi umunani zirimwo Telegram, Twitter, Facebook na TikTok. Abakozweko ibitero ni ahanini abanyepolitike na bamwe mu bakurikirana hagufi ivy’Uburusiya na Ukraine bari mu Bwongereza, Afurika y’Epfo n’Ubuhindi.

Ubwongereza bukekako uwitwa Yevgeniy Prigozhin, yahanywe n’Amerika n’Ubwongereza kubera gutera intege aboshigikira Putin biciye ku mbuga ngurukanabumenyi afise uruhara muri ibi bitero vyo ku buhinga bwa none.

Liz Truss ajejwe imigedenderanire y’Ubwongereza n’ayandi makungu yavuze ko badashobora kwemerera Uburusiya ko bwigarurira imbuga z’abatandukanye, mukuzuzuzako ibinyoma bijanye n’intambara "itemewe n’amategeko"

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG