Uko wahagera

Prezida w'Amerika Arasangira n'Abamenyeshamakuru Bakora ku Nkuru Ziwe


Bamwe mu bitabiriye ibirori vyo mu 2015
Bamwe mu bitabiriye ibirori vyo mu 2015

Prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, ku mugoroba w’uno wa gatandatu arakira abamenyeshamakuru bari mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bakurikirana inkuru zitandukanye za Prezida w’Amerika.

Ukwivuna umusase hagati ya Prezida w’Amerika n’abamenyeshamakuru bakora ku nkuru zimwega ni umugenzo uranga Amerika kuva mu myaka ya 1920. Ukwo kwivuna umusase kwama kuba ku wa gatandatu wa nyuma w’ukwezi kwa kane. Uyu mugenzo ariko wari umaze imyaka 6 utaba: Uwahoze ari Prezida w’Amerika Donald Trump yarawinuvye, mu myaka ibiri iheze naho ureka kuba bivuye ku kiza ca virusi ya Corona.

Mu bitezwe kuba baza kwitabira ibirori vy’uno mugoroba, harimwo Trevo Noah yamamaye kubera ugutwenza abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG