Uko wahagera

Leta y'Uburundi Yarekuye Yarekuye Imfungwa Zirenga 220


Umwe mu mfungwa ziri muri gereza ya Mpimba i Bujumbura yumvise ko umukuru w'igihugu agiye gutanga imbabazi ku mfungwa zigera ku 5000
Umwe mu mfungwa ziri muri gereza ya Mpimba i Bujumbura yumvise ko umukuru w'igihugu agiye gutanga imbabazi ku mfungwa zigera ku 5000

Mu Burundi kuri uno wa gatanu habaye igikorwa co kurekura abanyororo 226 mw'ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura.

Abazorekurwa bose hamwe nkuko vyashikirijwe n'uwaserukiye umushikiranganji w'ubutungane muri ico gikorwa ni 574.

Abarekurwa bakaba ari abigenjeje neza kandi bakaba bakwije ica kane c'umunyororo bari bakatiwe. Abarekuwe nabo nyene barashima bagasaba ko n'abasigayeyo ivyabo vyokwihuta.

Mw'ishirahamwe ACAT Burundi bakurikiranira hafi ubuzima bw'abanyororo, barashima ico gikorwa bagasaba ko n'izindi ngingo zoza zirafatwa kugira abafunzwe babeho neza.

Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Desire Hatungimana yabikurikiranye abidushikiriza ido n’ido muri ino nkuru

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:12 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG