Uko wahagera

Igice ca Mbere c'Ibiganiro Hagati ya RDC n'Imihari Irwana Carangiye


Perezida Félix Tshisekedi wa RDC, na mugenzi we wa Kenya Uhuru Kenyatta ya Kenya, i Nairobi
Perezida Félix Tshisekedi wa RDC, na mugenzi we wa Kenya Uhuru Kenyatta ya Kenya, i Nairobi

Reta ya Repubulika ya demokarasi ya Kongo yarangije igice ca mbere c’ibiganiro vy’amahoro i Nairobi muri Kenya, biyihuza n’imihari itari mike yitwaje ibirwanisho igisibije mu buraruko bw’igihugu. Perezidanse ya Kongo yavuze kuri uyu wa kane yavuze ko ibi biganiro vyamaze imisi itanu.

Mu ndwi iheze, perezidanse ya Kenya yatangaje ko igisagara ca Nairobi kizokwakira ibiganiro hagati ya reta ya RDC hamwe n’imihari yitwaje ibirwanisho. Hafi intumwa 30 ziserukira imihari yitwaje ibirwanisho mu ntara za Ituri, Kivu y’Uburaruko n’iyo ubumanuko zarabitumiwemwo. Bahuye n’intumwa za Perezida Felix Tshisekedi.

Perezidanse ya Kongo yavuze kandi ko iyindi mibonano izokurikira mu ndwi ziri imbere.

Ibi biganiro vy’i Nairobi vyatanguye inyuma y’ukwezi Repubulika ya demokarasi ya Kongo yemerewe kwinjira mu muryango wa EAC, umuryango w’ibihugu indwi, usangiye isoko hamwe n’uruja n’uruja n’uruza rw’abantu.

Abategetsi ba Kenya, Uganda, Burundi, u Rwanda na RDC mu ndwi iheze bavuze ko bariko bararaba uko boshiraho inteko z’akarere zo kurwanya imihari y’abarobeli muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG