Uko wahagera

Abakuru b'Ibihugu vya EAC mu Nama y'Umutekano


Preida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye, umwe mu bitabiriye inama
Preida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye, umwe mu bitabiriye inama

Kuri uyu wa kane, i Nairobi muri Kenya habereye inama yo ku rwego rw’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yiga ikibazo c’umutekano muke mu buseruko bwa Kongo, iheruka kwinjira muri uwo muryango.

Akanama k’abakuru b’ibihugu 5 vya Afrika y’Ubuseruko yatumweko na Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya ari na we atwara uwo muryango mu kiringo c’umwaka wose. Yatumiye Prezida Felix Antoine Tshisekedi wa Kongo, arabwa cane n’ikibazo cabakoranije c’umutekano muke mu buseruko bw’ico gihugu, utuma akarere kose gahungabana.

Abandi batumiwe ni Prezida Paul Kagame w’u Rwanda, Evariste Ndayishimiye w’Uburundi na Yoweri Museveni w’Ubuganda. Ibiro vya Prezida Tshisekeki vyavuze ko Uhuru Kenyatta yari yakoranije aba banyacubahiro hatarimwo Ndayishimiye, mu ntango z’uku kwezi kwa 4, inyuma yo kwemererwa kwa Kongo kwinjira muri EAC.

Bumvikanye ko habwirizwa kuba iyindi nama irimwo abakuru b’ibihugu vyose bifise abarwanyi mu buseruko bwa Kongo, gutyo Perezida Ndayishimiye abona gutumirwa.

Ibiro vya Prezida Tshisekedi vyatangaje ko umukuru w’ico gihugu yabwirizwa gutanga raporo y’ingene umutekano wifashe mu buseruko n’aho agejeje arwanya umuhari M23 wasubiriye kwibonekeza mu kwezi guheze uhungabanya umutekano mu bice vya Rutshuru, Chanzu na Bunagana mu Ntara ya Kivu ya Ruguru.

Muri ivyo bice, umuhari M23 warateye ibirindiro vy’abasirikare, abanyagihugu barata baromoka, imbere y’uko uwo muhari utangaza ko usubije ibirwanisho hasi, ku ndwi iheze.

Ingabo za Kongo zagirije Ubuganda ndetse n’u Rwanda ko bishigikiye inyeshamba za M23. Iki gisirikare cerekanye kandi abagabo babiri cavuze ko ari abasirikare b’u Rwanda cafatiye ku rugamba.

U Rwanda rwamiriye kure ivyo vyagiriji, ruvuga ko amazina y’abo bagabo atazwi mu gisirikare c’u Rwanda. Ibi ni vyo vyatumye, Prezida Tshisekedi asaba bagenzi we bagize umuryango wa EAC igihugu ciwe giheruka kwinjiramwo kumufasha gukemura ikibazo c’umutekano muke mu buseruko bwa Kongo.

Prezida Evariste Ndayishimiye na Felix Antoine Tshisekedi bemeje ko bitabiriye iyi nama yo kuri uyu wa kane I Nairobi muri Kenya. Gusa umukuru w’igihugu c’u Rwanda na Yoweri Museveni w’Ubuganda ntaco bigeze batangaza.

Ndetse n’ibiro vy’abo bikunze gutangaza ingendo zose z’abo banyacubahiro ku rubuga rwa Twitter ntaco babivuzeko. Amakuru yo kwizera Ijwi rya Amerika ryaronse ni uko u Rwanda rwaserukiwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Vincent Biruta.

Ubuheruka, Prezida Museveni yavuze ko kabaye akaryo keza ko guhura na Mugenzi we Paul Kagame, mu gihe ibihugu vyabo vyari bimaze imyaka 4 bidacana uwaka.

Prezida Museveni yerekanye ifoto yicaranye na mugenzi we Kagame, biboneka ko Prézida Kagame yariko aravugisha Museveni, uyu na we amuteze amatwi, amuraba mu maso.

Umwe mu baraba ibintu n’ibindi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko yabwiye Ijwi rya Amerika ko bari biteze kubona kuri iyi ncuro, Perezida Kagame yicaranye na mugenzi w’Uburundi Perezida Ndayishimiye. Abo, bibutsa ko ibihugu aba bakuru b’ibihugu batwara bimaze imyaka 7 bitarabana ryiza, ndetse n’imipaka ikaba yugaye ata ruja n’uruza ruhari.

Abo, baketse ko iyi nama ya EAC yari kuba nk’umuhuza wa Prezida Kagame na mugenzi we Ndayishimiye, iruhande yo gukemura ikibazo c’imigwi igwana mu buseruko bwa Kongo. Gushika duheza gutegura iyi nkuru, nta tangazo risozera iyo nama ryari bwasohoke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG