Uko wahagera

Burundi: Dr Sahabo Yahora Atwara Ibitaro Kira Aratabarizwa


Dr Sahabo Christophe, amaze ukwezi afungiwe mu biro vy'iperereza mu Burundi
Dr Sahabo Christophe, amaze ukwezi afungiwe mu biro vy'iperereza mu Burundi

Abunganira mu vy’amategeko co kimwe n’amashirahamwe yigenga aharanira agateka ka zina muntu baratabariza Dr Sahabo Christophe amaze ukwezi afungiwe mu biro vy’iperereza mu Burundi. Bavuga ko ifungwa ryiwe ridakurikije amategeko kuko ubutungane ataco buramwagiriza. Dr Sahabo yahora atwara ibitaro bikomeye vyigenga i Bujumbura, Kira Hospital, imbere y'uko ategekwa gutanga imihoho amaze gufungwa.

Abafise imitahe muri ivyo bitaro bamwagirije ko yanyurujwe ubutunzi basangiye ariko abamwunganira basigura ko yoba afunzwe kubera imvo za politike. Muganga Sahabo Christophe, azwi cane atwara ibitaro vy’akarorero bikomeye mu vyigenga i Bujumbura, Kira Hospital, ari na ho asanzwe avura nk’umuhinga mu ngwara z’amaso, akaba n’umwigisha muri za kaminuza.

Yafatiwe mu biro iwe mu ntango z’uku kwezi, ari kumwe n’umufaransa Dr Jean-David Pillot, atwara urwego nyobozi rw’ivyo bitaro. Bajanywe gufungirwa mu biro vy’iperereza i Bujumbura nk’uko abamuburanira bavyemeza, bukeye uwo mufaransa abona kurekurwa.

Abamuburanira bavuga ko gushika ubu, inyuma y’ukwezi, atarigera amenyeshwa icaha yagirizwa, ndetse ko amagara yiwe amukitse. Maire Ernest Ndikumana, na Maitre Emmanuel Hakizimana, baburanira Dr Sahabo Christophe ntibashimye guha amajwi yabo Ijwi ry’Amerika. Ico bikoze, bahaye Ijwi ry’Amerika urwandiko barungikiye umushikirizamanza kizigenza wa Republika, bamwereka ihonyangwa ry’amategeko riri muri iyo dosiye.

Babona ko uwo baburanira bisa n’uko “yanyurujwe akajanwa gufungirwa aho atazi kandi ataramenyeshwa ivyaha akurikiranyweko”. Bati “Nyakubahwa mushikirizamanza wa republika, yabwirizwa kurenganurwa ahubwo agahabwa n’indishi y’akababaro”. Bibutsa ko ata muntu arenza iminsi 7 canke bibaye ngombwa iminsi 14 afunzwe atarashikirizwa ubutungane, bagatangazwa n’uko ukwezi kugiye guhera Dr Sahabo afungiwe mu biro vy’iperereza.

Bongerako ko uwo mugabo atawemerewe kumuraba aho afungiwe, yaba umuryango wiwe, abamwunganira canke abandi bamwegereye harimwo n’abaganga bitaho ingwara ya Asima asanzwe afise. Bati “Ni ihonyangwa rikabije ry’amategeko ryerekana agashavu abamufashe bari bamufitiye”. Basaba bashimitse ko uwo baburanira yorekurwa, akaburana yidegemvya, canke agashikirizwa ubutungane akabwirwa n’ivyaha yagirizwa ivyo ari vyo. Uko ni n’ako amashirahamwe yigenga akurikiranira hagufi iyo dosiye yabibwiye Ijwi ry’Amerika.

Bukeye Dr Sahabo, amaze gufatwa agafungwa, abafise imitahe muri ivyo bitaro vy’akarorero baserukira reta, bashize ahabona urwandiko rurimwo amakosa bagiriza uwo muyobozi mukuru wa Kira Hospital. Muri ayo, harimwo ubunyonyezi bw’amatungo y’ibitaro, gutwara nabi n’ayandi makosa bavuga ko yari agejeje ahatemba ivyo bitaro. Ico bikoze, nta gitigiri c’amafranga yoba yaranyurujwe kiboneka muri urwo rwandiko.

Aha ni ho amashirahamwe afatira, akikeka ko Dr Christophe Sahabo azira ubwoko bwiwe, imvo za politike n’agashavu afitiwe n’ubutegetsi. Dr Sahabo Christophe amaze gufungwa, yaciye ategekwa gutanga imihoho. Mw’ikete yiyandikiye, agaragaza ko atanze imihoho ku mvo ziwe bwite. Aha abanyamategeko berekana ko ivyo umuntu akora vyose amaze gushikanwa mu biro vy’iperereza vyinshi bifatwa nk’ibidakurikije amategeko kuko akenshi babikora kugira bakize agatwe.

Amakuru Ijwi ry’Amerika rifise ni uko uwo mugabo hari ibindi yasabwe gukora canke gusinya ari mu biro vy’iperereza, akanka, ari na vyo vyoba vyatumye ateba mu gasho k’urwo rwego, rutungwa agatoke n’abaharanira agateka ka zina muntu ko rukunze gukorerwamwo ivyaha vy’ihohoterwa bifatiye kukuboreza igufa uwufunzwe.

Ayandi makuru yo kwizera Ijwi ry’Amerika ryaronse ni uko, uruhande rwa reta rwoba rushaka kugira imitahe myinshi muri ivyo bitaro ariko umuyobozi mukuru akaba yoba yarababerereye intambamyi. Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya ico ubushikiranganji bw’ubutungane n’amaparike bubivugako, gutyo rihamagara umuvugizi w’ubwo bushikiranganji co kimwe n’umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Agnes Bangiricenge, yamara ntibatwitavye.

Umunyamakuru w’Ijwi rya Amerika yabandikiye ubutumwa bugira buti “ twari twifuza ko mugira ico muvuze kw’ifungwa rya Dr Sahabo Christophe yahora arongoye ibitaro Kira Hospital. Ni ibihe vyaha akurikiranyweko? Bihanishwa ikihe gihano? ko hari abavuga ko yoba afunzwe bidakurikije amategeko, mubivugako iki? Bikunze mwogira ico mubivuzeko. Murakoze” . Yamara gushika igihe Ijwi ry’Amerika ryaheza gutegura iyi nkuru, ntawitavye canke ngo yishure ubutumwa yarungikiwe.

Ubu, ivyo bitaro biramutswa Dr Sylvain-Pierre Nzeyimana, atwara urwego rw’ abaganga mu gihugu. Urwego nshingwantwaro na rwo rutwarwa na Ndagijimana Charles, yahoze atwara sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, ari na we yemereye umukuru w’igihugu Nyakwigendera Petero Nkurunziza kwitoreza ikindi kiringo mu mwaka w’2015, ikiringo cazanye indyane mu gihugu nk’uko abamurwanya babivuze.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru

Abatabariza Dr Sahabo Bavuga ko Azira Ubwoko na Politike
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:15 0:00

XS
SM
MD
LG