Ibitigiri vy'abantu bandura umugera wa Covid-19 muri Afrika biriko biriyongera. Ni mu gihe ivyo bitigiri biriko vyiyongera incuro zibiri muri Afrika y'epfo.
Benido Impouma, umuyobozi w’ibiro vy’ishami ry’ishirahamwe ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS muri Afrika ku bijanye n’indwara zandukira n’izitandukira, amenyesha ko muri iyi ndwi abantu banduye n’abahitanywe na Covid-19 muri Afrika biyongeye cane. Bubaye ubwa inyuma y’uko ivyo bitigiri bigabanutse mu kiringo kirenga amezi abiri ku bandura, hamwe n’ikiringo kirenga ukwezi ku bahitanwa na Covid-19.
Ukwiyongera kw’ibitigiri vy’abandura Covid-19 muri Afrika bifitaniye isano cane cane n’ibitigiri bitera vyiyongera vy’abandura muri Afrika y’epfo. Ni mu gihe ico gihugu kiriko cinjira mu gihe c’ubukanye aho indwara zifatira mu bice vy’uguhema zibonekeza cane.
Hari hamaze igihe hari agahengwe muri Afrika ku bijanye n’abantu bandura ikiza ca Covid-19. Yamara mu ndwi iheze, ibitigiri vy’abandura, vyarasusbiye gutangura kwiyongera muri Afrika y’epfo. Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri ico gihugu bariko bakwirikiranira hafi ibimenyetso vy’incuro ya gatanu y’ibitigiri biri hejuru cane vy’abandura Covid-19. (Reuters)
Abandura Virusi ya Corona muri Afurika Biyongereye

Facebook Forum